Amerika n'Ubuyapani Ntibihuriza ku vy'Amamisile ya Koreya ya Ruguru

Prezida Trump na Shinzo Abe

Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump n’umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapani, Shinzo Abe berekanye uno musi ku wa mbere aho badahuriye ku vyuko niba amamisile igihugu ca Koreya ya ruguru giherutse kugerageza biciye kubiri n’ingingo y’urwego rw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU rujejwe amahoro n’umutekano kw’isi.

Yamara abo bategetsi babiri babandanya kwumvikana ku mugambi w’ugutuma ikigobe ca Koreya kitarangwamwo ibirwanisho ruhonyanganda.

Mu kiganiro bahereye hamwe abamenyeshamakuru inyuma y’ibiganiro hagati yabo ku murwa mukuru w’Ubupayani, Tokyo, Prezida Trump yatangaje ko abona ingingo ya Koreya ya ruguru y’ukugerageza amamisile ari umugambi w’umutegetsi kizegenza w’ico gihugu, Kim Jong Un w’ukwibonekesha; ko kubera izo mvo ata mpungenge bimutera ku bimwerekeye.

Umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapani, Shinzo Abe avuga ko ingingo ya Koreya ya ruguru y’ukugeregeza amamisile birenga ku ngingo y’urwego rw’ishirahamwe ONU rujejwe amahoro n’umutekano kw’isi. Yongeye amenyesha kandi ko mu biganiro hagati y’igihugu ciwe na Koreya ya ruguru, Reta yiwe irondera cane cane gutorera inyishu ikibazo c’abayapani banyuruzwa n’ico gihugu.

Abe yarakiye neza ivyo yavuze ko ari intambwe ziboneka mu biganiro vyerekeye ubudandaji na Amerika, cane cane ivyerekeye amasoko ntanganguvu, ubuhinga bwa none hamwe n’ibijanye n’inyubako. Akaba yiteguriye gukorana na Prezida Trump kurushiriza.