Amerika n'Ubufaransa mu Nzira yo Gusubira Kwizerana

  • Diane Nininahazwe

Prezida w'Ubufaransa Emmanuel Macron kumwe n'umushikiranganji ajejwe imigenderanire y'Amerika n'ayandi makungu, Antony Blinken

Prezida w’Ubufaransa, Emmanuel Macron n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Amerika n’ayandi makungu, Antony Blinken, bagiranye ibiganiro ku ngingo zitandukanye zirimwo ingene ibihugu vyabo vyokorana gusumba uko biri.

Umwe mu bategetsi ba Reta Zunze Ubumwe z’Amerika atatangajwe amazina yabwiye abamenyeshamakuru ko inama yahuje Macron na Blinken yamaze hafi iminota 40. Abo bategetsi mu vyo baganiriye muri iyo nama, harimwo imigambi impande zose zishobora kuzokorera hamwe muri kazoza. Ni imigambi bitegekanijwe ko ishirwa ahabona mu mubonano Prezida Emmanuel Macron ategekanya kugirana na mugenzi we w’Amerika Joe Biden muri uku kwezi.

Inama hagati ya Prezida Macron na Blinken ntiyari ku rutonde rwatangajwe mu vyatwaye Blinken mu Bufaransa: Ubundi, yagiyeyo kuraba ingene icuka coba ciza hagati y’ivyo bihugu bibiri, inyuma y’aho Ubufaransa bwiyamirije Amerika n’Ubwongereza kubera amasezerano y’umutekano ivyo bihugu vyagiranye na Austrariya. Muri ayo masezerano afatwa nk’umukenyuro wo guhangana n’Ubushinwa, harimwo kuronsa Austrariya uburyo bwo gukora ubwato bugera ku 8 bw’intambara bwo munsi y’ibahari, bukoreshwa na nikleyeri.

Ayo masezerano amaze gushirwa ahabona hagati mu kwezi kw’icenda, Ubufaransa bwahamagaje ababuserukira muri Amerika na Australiya, bwongera buvuga ko Amerika ifise ikibazo co “kwizerwa”.