Reta zunze Ubumwe z'Amerika zashize ahabona raporo ivuga ko abantu barenga 200 bishwe, abarenga 30 baranyuruzwa mu Burundi mu mwaka uheze w’2020 bazize ivyiyumviro vy’abo. Iyo raporo itunga urutoke ku nzego z’umutekano n’urwaruka rw’Imbonerakure rwegamiye umugambwe uri ku butegetsi ko zahonyanze uburenganzira bwa muntu. Raporo ivuga ko ababangamiwe cane ari abatavuga rumwe na reta n’abaharanira agateka ka zina muntu. Ibiri muri iyo raporo bisa n’ivyaheruka gushikirizwa n’umugwi wa ONU ukora amatohoza ku Burundi. Yamara ico gihugu camirira kure ivyo vyagiriji.
Ni raporo y’impapuro 43 yasohowe n’ibiro bishinzwe demokarasi, uburenganzira bwa muntu n’akazi, mu bushikiranganji bw’imigenderanire ya Amerika n’amakungu. Idondagura igisata ku kindi ingene agateka ka zina muntu kahungabanijwe, cane cane n’abari bajejwe kukubahiriza mu Burundi.
Ico cegeranyo gitangura kivuga abantu bishwe, abanyurujwe bakaburirwa irengero, abafungiwe ubusa, abangajwe n’ababorejwe igufa mu mwaka w’2020
Iyo raporo ivuga ko amashirahamwe yigenga yaharuye abantu barenga 200 bishwe muri ubwo buryo gushika mu kwezi kw’9 kw’umwaka uheze. Nka bose ni abatavuga rumwe na Reta, abaharanira agateka ka zina muntu n’abandi boba bagerageza kuvuga ibitagenda neza.
Aha, Amerika yibutsa ko abantu barenga 30 banyurujwe bakaburirwa irengero hamwe n’ibiziga vy’abantu vyagiye biratorwa hirya no hino mu gihugu. N’ayo abantu barenga 100 baranyurujwe muri ubwo buryo.
Departema ya Amerika ntica hirya no hino, itunga agatoke bamwe mu nzego z’umutekano nk’abapolisi, abasirikare, abagize urwego rw’iperereza n’urwaruka rw’Imbonerakure rwegamiye umugambwe w’Umukuru w’igihugu.
Iyi raporo iravuga n’amazina y’abasirikare n’abapolisi b’intwazangabo bamwe bamwe bakekwa muri ayo mabi.
N’aho Amerika itangazwa n’uko abakora ayo mabi badahanwa, irashima ko mu kwezi kwa 12 umwaka uheze, umwe mu ncuti za hafi za Perezida Evariste Ndayishimiye yakatiwe gufungwa imyaka 5 kubera ubwicanyi yagirijwe.
Iyo raporo ivuga ko hari n’abandi bantu bo mu rwaruka w’Imbonerakure bahawe ibihano bitandukanye birimwo gufungwa umwaka urenga kubera ibikorwa vyo guhonyanga agateka ka zina muntu.
Amerika iratera intege Uburundi gukomeza iyo nzira kuko ku bw’abahinga bakoze ico cegeranyo, ukudahana ivyaha ari co gituma agateka ka zina muntu kaguma gahungabana.
Reta ya Amerika iraguruka no ku bwinshi bw’abanyoro mu mabohero atandukanye mu gihugu.
Iyo raporo ivuga ko hapfunzwe abantu barenga 1200 kandi amabohero 11 ari mu gihugu afise ubushobozi bwo kwakira abatarenga ibihumbi 4194 gusa.
Ico cegeranyo kivuga ko ubwo bwinshi butuma abafungwa babaho nabi, badafungura neza, barara ari benshì ahantu hato, bakahakura ingwara nyinshi bamwe mbere bikabaviramwo ubumuga, ndetse bikagora no muri iki gihe co kwirinda umugera wa Korona.
Iyo raporo yemeza ko ubwo bwinshi butumwa no gufungira abantu ubusa aho abarenga 900 bafashwe muri ubwo buryo ku mwaka uheze gusa.
Abenshi mu bafunzwe, Reta zunze ubumwe za Amerika zemeza ko ari infungwa za politike kandi ko n’imanta zabo zidakurikiza amategeko.
Ishirahamwe ryigenga Ligue Iteka, rivugwa cane muri iyi raporo ko rikunda gutohoza kw’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu rirabishimangira.
Anchaire Nikoyagize atwara Ligue Iteka, avuga ko nyabuna Amerika yamenye ibitigiri bike.
Mu vyerekeye ukwishira no kwizana mu gushikiriza ivyiyumviro, raporo ya Amerika ivuga ko hakiri agahaze kuko uwugize icavuga kitagenda neza abizizwa.
Mu kiganiro cagirishijwe n'abavugizi b'inzego za Reta kuri uyu wa gatanu, Reta y’Uburundi bajijwe ico ishikiriza kuri ico cegeranyo.
Reta yamiriye kure ivyo vyagiriji vy’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu.
Umuvugizi w’umukuru w’igihugu Evelyne Butoyi, yavuze ko “ibivugwa vyose kw’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu ku Burundi ari ibinyoma, kuko kuri we igihugu cigenga kandi kidakeneye uwugitamika ijambo”.
Umuvugizi wa Reta na we Prosper Ntahorwamiye, yagize ati: "Aho tugeze si aho gutamikwa ijambo kuri iki canke kiriya ahubwo dukwiye kwuzuzanya n’amakungu".
Uwuserukira Burundi i Geneve mu Buswise, ambasaderi Tabu Renovat na we nyene yaheruka kwiyamiriza ivyegeranyo bisohorwa na ONU canke ibihugu yise ko bishaka kwivanga muri politike y’Uburundi
Ku bwinshi bw’abanyororo, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’ubutungane Cynthia Orly Irakoze yibukije ko umukuru w’igihugu aheruka guha ikigongwe igice c’amabanyororo bose bari mu gihugu.
Umugwi wa ONU ukora amatohoza ku Burundi, na wo nyene uheruka kwemeza ko agateka ka zina muntu kabandanya gahonyangwa muri ico gihugu.
Iyi raporo ya Reta zunze ubumwe za Amerika ihanura inzego z’igihugu kwubahiriza amasezerano mpuzamakungu akingira agateka ka zina muntu, demokarasi n’akazi.