Amerika Isaba Reta y'Uburundi Kugurura BBC na VOA

Uyu ni Robert Palladino, umuvugizi w'ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bw'Amerika.

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika bwasavye ejo ku musi wa kabiri Reta y’Uburundi gusubira ku ngingo y’ukubuza abamenyeshamakuru b’ijwi rya Amerika gukorera ku butaka bw’Uburundi n’uguhagarika ubutagisubira inyuma Radiyo BBC. Ubwo bushikiranganji busaba ko abamenyeshamakuru bakomeza kurangura umwuga wabo mu mwidegemvyo mu kiringo c’imbere y’amatora yo mu mwaka w’i 2020.

Umuvugizi w’ubwo bushikiranganji, Robert Palladino, yabwiye abamenyeshamakuru ko ingingo ya Reta y’Uburundi iteye amakenga akomeye ku bwigenge bw’ugushikiriza ivyiyumviro buri mu ngingo ya 31 y’ibwirizwa shingiro ry’Uburundi. Yasiguye ko Amerika isaba Reta y’Uburundi gusubira ku ngingo yayo ikarekurira abamenyeshamakuru gukora mu mwidegemvyo ata bwoba.

Ku ruhande rwayo, ishirahamwe rijejwe gukingira abamenyeshamakuru kw’isi, CPJ, rivuga ko Reta y’Uburundi yotegerezwa kurekurira radiyo BBC n’Ijwi rya Amerika gusubira gushikiriza ibiganiro vyayo ku butaka bw’Uburundi. Iryo shirahamwe risaba kandi ko abamenyeshamakuru mu gihugu barekurirwa guha amakuru ayo maradiyo uko ari abiri.

Ishirahamwe CPJ rivuga ko ingingo ya Reta y’Uburundi y’ukubuza radiyo Ijwi rya Amerika na BBC gushikiriza ibiganiro ku butaka bwayo n’ukubuza abamenyeshamakuru guha amakuru ayo maradiyo bigenewe kubuza abanyagihugu kuronka amakuru akomeye n’ugutuma amakungu aba mu mwiza ku biriko bibera mu Burundi.

Ishirahamwe Olucome rijejwe kurwanya igiturire n’isesagurwa ry’amafranga y’igihugu naryo ririyamiriza ingingo ya Reta y’Uburundi y’ukwugara imirongo ya FM ya radiyo Ijwi ry’Amerika na BBC.

Mw’itangazo yashize ahagaragara, ishirahamwe Olucome riributsa ko ivyo bibaye mu gihe radiyo RPA, radiyo Bonesha, na radiyo-televiziyo Renaissance zugaye kuva mu mwaka w’i 2015. Olucome isanga ubwo buryo bw’ukuniga uburenganzira bw’abanyagihugu bwo gushikirizwa amakuru ari inzitizi ikomeye mu rugamba rw’ukurwanya ruswa. Isaba Reta y’Uburundi kuganira na banyene amaradiyo yo mu gihugu n’amaradiyo mpuzamakungu kugira yongere gukora.

Muri ico gihe, Olucome iriyamiriza kandi n’isahurwa ry’amafaranga abanyagihugu b’abarundi batanga ku vyerekeye amatora yo mu mwaka w’i 2020.