Amerika Irasaba Gusubira mu Muryango wa UNESCO.

Ibihugu bigize ishami rya ONU rijejwe indero, ubumenyi n'imico kama, UNESCO, uno munsi biriga nimba Amerika yokwemererwa gusubira kuba umunyamuryango w'iryo shami.

Amerika yavuye muri UNESCO mu 2018, yagiriza iryo shami rya ONU ryitaho ubumenyi, indero n’imico kama guhengama mu ntumbero yo kurwanya Isirayeri, n’uburongozi bubi.

Imbere yo kuvana akarenge muri UNESCO, Amerika yaza imbere mu bihugu biterera amafaranga menshi iryo shami: Yatanga ica gatanu c’amafaranga UNESCO yakoresha.

Amerika yatangaje icipfuzo cayo co gusubira muri UNESCO mu ntango z’uku kwezi. Yasiguye ko bimwe mu bituma ishaka kongera kuba muri UNESCO, ari impungenge ifise ku gihagararo c’Ubushinwa muri iryo shami rya ONU na cane cane mu vyerekeye ubwenge bukorano (Intelligence artificielle), n’inyigisho mu gisata c’ubuhinga bwa none.

Mu vyo yemeye isaba gusubira muri UNESCO, harimwo guterera imiliyoni 150 z’amadorali y’Amerika mu mafaranga UNESCO izokoresha mu 2024.

Ibihugu bigize UNESCO biza kurimbura ubusabe bw’Amerika mu nama y’imisi ibiri biriko bikorera I Paris mu Bufaransa. Iyo nama yatanguye uno munsi ku wa kane, izohera ejo ku wa gatanu (AP, REUTERS)