Reta ya Amerika itangaza ko inteko z'igihugu ca Eritreya zitegerezwa kuva mu ntara ya Tigre muri Etiyopiya bidatevye.
Umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Amerika yamenyesheje mw’ijoro ryo ku musi wa kabiri ko hari amakuru yizigiwe avuga ko inteko za Eritereya ziriko zirasahura, zifata abapfasoni n’abigeme ku nguvu, zongera zikora ibitero ku makambi y’impunzi hamwe n’irindi tyozwa ry’agateka ka muntu mu ntara ya Tigre.
Uwo muvugizi amenyesha kandi ko hari ivyemezo ko abasirikare ba Eritereya bariko batahukana ku nguvu abanyagihugu babo bahungiye muri iyo ntara.
Ivyatangajwe n’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Amerika vyerekana ko reta nshasha ya Prezida Joe Biden iriko iraremera reta ya Etiyopiya hamwe n’abandi bariko barwana mu ntara ya Tigre.
Itororokanirizo ry’amakuru ryo muri Amerika, Associated Press, ryatangaje amakuru rivuga ko yatanzwe n’ivyabona mu ntara ya Tigre, bivuga ukuntu abasirikare ba Eritreya basahuye, baja ku nzu ku yindi bica abakiri bato b’igitsina gabo, bakigenza nk’abategetsi bo muri iyo ntara.
Inteko za Eritreya zarwanye ku ruhande rw’inteko za Reta ya Etiyopiya mu gihe zariko zikwirikirana abayobozi b’intara ya Tigre. Yamara Reta ya Etiyopiya ivuga ko ata nteko za Eritreya ziri ku butaka abwayo.
Itangazo rya Reta nshasha ya Amerika risaba ko haba itohoza ryigenga kandi ribaye mu muco ku mabi yagirizwa inteko za Eritreya mu ntara ya Tigre.
Ntaco ibiro vy’umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya, Abiy Ahmed, vyishuye buno nyene ku vyatangajwe na Reta ya Amerika. N’abategetsi ba Reta ya Eritreya ntaco bishuye buno nyene.