Amerika Yasavye Abanyamerika Kutajya mu Burundi

Umuvugizi wa deparitoma ya reta

Umuvugizi wa deparitoma ya reta

Reta zunzubumwe za Amerika zisaba abanyagihugu bayo bafata ingendo mu Burundi kuzihagarika, igasaba n’abasanzwe bari mu Burundi kuvayo vuba bwango bigishoboka.

Mu rwandiko yasohoye ku musi wa mungu itariki 13 y’ukwezi kwa cumi na kabiri, Reta Zunzubumwe za Amerika zasavye kw’imiryango y’abakorera reta zunze ubumwe za amerika mu Burundi, iva mu Burundi co kimwe n’abandi bakozi badakenewe cane.

Ambassade ya Reta zunzubumwe za Amerika mu Burundi ivuga kw’imfashanyo ishobora guha abanyamerika bari mu Burundi, ar’imfashanyo yo mu buryo bwihutirwa yo nyene.

Iyi ngingo nshasha itangajwe isubiriye ingingo yari yaratangajwe kw’igenelerezo rya gatatu ry’ukwezi kwa cumi na rimwe yaha amategeko abanyamerika ku vyerekeye kugendera mu Burundi. Iyo ingingo ifashwe kubera umutekano ubandanya utosekara mu Burundi, nkuko iri tangazo ribandanya ribivuga.

Ubwicanyi buri mu Burundi bwatanguye inyuma y’aho abanyapolitike batumvikaniye ku matora hamwe no ku mpari zijanye n’ukwitoza kwa Presida kurunziza mu kiringo kigira gatatu.

Ibitero vy’inkoho hamwe n’amagrenade bikorwa n’imirwi yitwaje ibigwanisho mu Burundi, biba nka misi yose, ariko gushika ubu, ivyo bitero ntibiba birondera abanyamahanga. Iri tangazo risaba abanyamerika ko boguma mu mazu yaho, bakaja kure y’amadirisha n’imiryango mu gihe hogira uwubatera.

Mur’iki gihe Reta y’Uburundi ntigenzura ijana kw’ijana ibikorwa vy’inzego zijejwe umutekano. Igipolisi carasatse amazu y’abanyamerika b’abasivile bikekwa ko boba babitse ibirwanisho.

Abanyamerika bipfuza kuva mu Burundi basabwa kwisunga ingene umutekano wifashe kandi basuzume n’ibijanye n’uruja n’uruza rw’indege bashobora kwifashisha.