Ibihugu vya Etiyopiya, Misiri na Sudani vyatangaje ko vyiteguriye gusubira kubandanya ibiganiro ku rugomero rw’umuyagankuba rwo muri Etiyopiya rurimwo amatati. Bitegekanijwe ko urwo rugomero ruba ari rwo rugomero rw’amazi runini cane mu karere ka Afrika. Ingingo y’ivyo bihugu y’ukubandanya ibiganiro ibaye inyuma yuko umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya, Abiy Ahmed atangaje ku musi wa kane ko igihugu ciwe citeguriye kugaruka mu biganiro.
Yatangaje inyuma yuko avuganye n’umushikiranganji wa mbere wa Sudani, Abdalla Hamdok ko bazobandanya ibiganiro ku bibazo nyamukuru kugira bashike ku nyishu zishimisha impande zose babicishije ku bashikiranganji bajejwe ivy’amazi. Amenyesha ko babicishije mu biganiro bazotorera inyishu ibibazo batumvukanako.
Urugomero rw’umuyagankuba rukomeye cane muri Etiyopiya, rwiswe, “Grand Ethiopian Renaissance Dam” rw’agaciro k’imiliyaridi 4 n’imiliyoni amajana atandatu y’amadolari ruriko rwubakwa ku ruzi Nil. Rugenewe gutanga umuyagankuba ukenenewe ku bantu barenga imiliyoni 70 muri Etiyopiya.
Yamara igihugu ca Misiri carerekanye impungenge zikomeye ku vyerekeye kwuzuza amazi muri urwo rugomero. Ico gikorwa kizotangura mu ndwi ziri imbere. Misiri ivuga ko kwuzuza amazi muri urwo rugomero bishobora kugabanya urugero rw’amazi ikoresha.
Etiyopiya na Misiri vyasavye Reta Zunze Ubumwe z'Amerika n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU n’izindi mpande kubishigikira kuho bihagaze.
Etiyopiya, Misiri na Sudani vyaraheraheje ibigano vy’abahinga vya mbere ata masezerano bishitseko mu kwezi kwa mbere kw’uyu mwaka.