Amahanga Yatanguye Kuvana Abanyagihugu Bayo mu Bushinwa

Ibihugu bitandukanye vyatanguye gukura abanyagihugu bavyo mu Bushinwa bibahungisha ikiza ca Corona kimaze guhitana 132.

Ubuyapani bwatahukanye abagera ku 206 bubavana mu gisagara ca Wuhan aho uwo mugera watanguriye. Amakuru atangazwa n'itororokanirizo ry'amakuru y'Abanyamerika, Associated Press, yemeza ko hari n'Abanyamerika batarashobora kumenyekana igitigiri batahukanywe.

Bane mu Bayapani batahukanywe bariko barasuzumwa inyuma yo kuvuga ko batamerewe neza.

Ibihugu birimwo Australiya, Nouvelle Zelande, Ubufaransa, Uburusiya na vyo bimaze kuvuga ko biriko biriga uko vyotahukana abanyagihugu bavyo bari muri ico gisagara ca Wuhan.

Igitigiri kimaze kwemezwa c'abamaze kwandura Corona mu Bushinwa ni 5900. Ico gihugu cafashe ingingo y’ukubuza abantu kwinjira n’ugusohoka igisagara ca Wuhan uwo mugera watanguriyemwo.