Umushikiranganji ajejwe amagara y'abantu muri Afrika y'epfo avuga ko ubwoko bushasha bw'umugera wa Corona bwitwa, C.1.2 butageramiye abanyagihugu muri iki gihe.
Umushikiranganji Joe Phaahla yatangaje uno musi ku wa gatanu ko abahinga mu vy’ubumenyi babwiye reta ko bariko bakwirikiranira hafi ivyerekeye ubwo bwoko bushasha. Asigura ko vyasa n’ibigaragara ko igihugu kizohangana n’incuro ya kane y’ibitigiri biri hejuru cane vy’abandura Covid-19 imbere y’impera z’umwaka.
Ubwo bwoko bushasha, bwatowe ubwa mbere muri Afrika y’epfo mu kwezi kwa gatanu kw’uyu mwaka w’i 2021, bumaze kwibonekeza mu zindi ntara zose icenda z’igihugu.
Ishirahamwe rijejwe amagara y’abantu kw’isi, OMS, muri iyi ndwi ryashize ubwo bwoko bushasha bw’umugera wa Covid-19 ku rutonde rw’iyizokwirikiranirwa hafi. Ni ukuvuga ko ubwo bwoko bushobora gutera ibibazo muri kazoza, yamara ko ivyemezo bidatomoye, nk’uko bitangazwa na OMS.
Abashakashatsi muri Afrika y’epfo bariko barasuzuma niba incanco zihari zikingira ubwo bwoko bushasha. Bishobora kuzofata indwi zitari nke imbere y’uko ibivuye muri ubwo bushakashatsi bishirwa ahabona.
Ubwoko bwa C.1.2 bwiyongeye ku bundi bwitwa Beta bwaza bumaze gutorwa muri Afrika y’Epfo.