Afurika y'Epfo: Barindwi Bakomerekeye mu Ihinguriro ry'Ibitoro

Ihinguriro ry'ibitoro i Durban muri Afurika y'Epfo

Abategetsi ntibatangaje icatumye ico kintu giturika, umuriro ukaka kuri iryo hinguriro. Bamenyesha ko itohoza ririko riraba.

Abantu indwi bajanywe mu bitaro inyuma yuko hari ikintu gituritse kigatuma umuriro waka mu masaha ya kare y’uno musi ku wa gatanu kw’ihinguriro ry’ibitoro riri hafi y’ikivuko mu gisagara ca Durban kiri mu bumanuko bw’igihugu ca Afrika y’epfo.

Abo bantu bose bakoremetse bakora kuri iryo hinguriro.

Uwo muriro watse gatoyi inyuma yuko ico kintu gituritse igihe c’isaha imwe yo mu gitondo. Urwamo rw’ico kintu kitaramenyekana caturitse rwumvikanye mu gisagara cose.

Abategetsi ntibatangaje icatumye ico kintu giturika, umuriro ukaka kuri iryo hinguriro. Bamenyesha ko itohoza ririko riraba.

Robert Mckenzie ajejwe servisi z’ugutabara vyihutirwa, avuga bashoboye kuzimya umuriro wari watse.

Bubaye ubugira kabiri ibintu nkivyo biba mu kibanza gihingurirwamwo ibitoro muri Afrika y’epfo muri uyu mwaka.

Abantu babiri barapfuye igihe ikintu caturika mu kindi kibanza gihingurirwamwo ibitoro mu gisagara ca Durban mu kwezi kw’indwi kw’uyu mwaka.

Ikibanza gihingurirwamwo ibitoro catse umuriro mu masaha ya kare y’uno musi ku wa gatanu ni ic’isosoyete y’ibitoro, Engen yo muri Afrika y’epfo. Ico kibanza gishobora kwimbura ingunguru 120,000 z’ibitoro bihinguye ku musi.