Afuganistani Yarekuye Abanyororo 400 ba Nyuma b’Abatalebani.

Igihugu ca Afuganistani carekuye abanyororo 400 ba nyuma b’Abatalebani. Abategetsi b’ico gihugu batangaje ko 80 muri izo mbohe barekuwe ejo ku musi wa kane. Ingingo yo kurekura izo mbohe ni ibintu vyasabwe imbere y’uko ibiganiro muri ico gihugu casinzikajwe n’ingwano bitangura.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika hamwe n’Abatalebani bateye igikumu ku masezerano yo kurekura imbohe mu ntango z’uyu mwaka. Ayo masezerano yasaba Abatelabani kurekura abantu 1000 barimwo abakozi hamwe n’abasirikare ba reta bagizwe imbohe, mu gihe reta nayo yasabwa kurekura imbohe z’Abatalebani 5000.

Irekura ry’izo mbohe 400 z’Abatalebani nticabaye igikorwa coroshe kuko bashobora kugeramira umutekano. Ejo ku musi wa kane, Prezida wa Afuganistani, Ashraf Ghani, yari yagabishije ko izo mbohe 400 z’abatabani zishobora guhungabanya umutekano kw’isi hose. Bitegekanijwe ko ibiganiro hagati ya reta ya Afuganisitani n’Abatalebani bitangura mu mpera z’uku kwezi mu gihugu ca Qatar.