Abinjira mu Bwongereza Bose Bahabwa Akato k'Iminsi 14

Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Boris Johnson

Ubwongereza bwatanguye gushira mu ngiro ingingo itegeka abantu bavuye hanze y'igihugu kwikumira mu kiringo c'imisi 14.

Ubwongereza bwashizeho iyo ngingo uno musi wa mbere ku bantu nka bose bashitse mu gihugu bavuye hanze. Ivyo mu ntumbero y’ukugabanya ikwiragira ry’ikiza c’umugera wa Corona.

Yamara iyo ngingo yanebaguwe n’abayobozi bo mu gisata c’indege zitwara abantu gicumbagira muri iki gihe. Bavuga ko iyo ngingo irenze urugero, kandi ko ishobora gutuma ico gisata gitakaza ubuzi ibihumbi n’ibihumbi.

Abongereza canke abanyamahanga bazoba bagendeye Ubwongereza bazotegerezwa kwubahiriza iyo ngingo y’ukwikumira mu kiringo c’imisi 14. Atari uko bazohanishwa ihadabu y’amadolari 1250 canke bakwirikiranwe n’amategeko.

Hari abibaza igituma Ubwongereza, bwageramiwe n’ikiza c’umugera wa Corona kurusha ibindi bihugu vyo mu karere k’i Bulaya bukaba butanguye kudohora buhoro buhoro ingingo bwari bwafashe ku bijanye n’ico kiza.