Umuvugizi w’akarwi k’abasirikare batembagaje ubutegetsi muri Mali yatangaje ko kazosubiza ubutegetsi mu minwe y’abasivile.
Uwo muvugizi, Ismael Wague, yasiguriye ibiro bitorokanya amakuru Associated Press ko umurwi w’igihugu wiyemeje kugarukira abanyagihugu, ugiye kubonana n’abakuru b’imigambwe hamwe n’abakuru b’amashirahamwe atagira inyungu za politike kugira bumvikane ku kiringo reta y’imfatakibanza izomara, hamwe n’abategetsi bazoba bayigize.
Wague ashikirije ayo majambo mu gihe abakuru b’ibihugu vyo mw’ishirahamwe rijejwe ubutunzi muri Afrika yo mu burengero, bakomeje gutera akamo ako karwi k’abasirikare, bagasaba gusubiza ubutegetsi Prezida Ibrahim Boubacar Keita.
Yamara Wague yarahakanye ko abasirikare batembagaje ubutegetsi bwiwe, ngo kuko ibwirizwa shingiro ry’igihugu ca Mali ritigeze rihindurwa. Avuga kandi ko na Prezida Keita adapfunzwe, kandi atigeze akurwa ku butegetsi, ahubwo acungerewe mw’ikampi ya gisirilare kubera umutekano wiwe.