Abasirikare 3 ba ONU bagiye gucungera umutekano muri Mali bishwe mu gihe abandi 4 bakomeretse bikomeye inyuma yuko bombe yari yatezwe kw’ibarabara iturikiye mu ntara ya Aguelhok mu buraruko bw'ico gihugu.
Iyo nkuru yatangajwe n’ibiro vy’ishirahamwe ONU mu gihugu ca Mali, MINUSMA ku musi w’Imana. Umukuru w’ivyo biro, Mahamat Saleh Annadif yamenyesheje ko bazokora uko bashobora kugira bamenye bongera bafate abagize ico gikorwa c’iterabwoba kugira bashobore kuvyishura imbere y’intahe.
Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Antonio Guterres yiyamirije ico gitero yavuze ko kigayitse. Yasavye abategetsi b’ico gihugu gukora uko bashoboye kwose kugira bamenye abagikoze.
Yamenyesheje ko ivyaha vyakozwe bishobora kuba ivyaha vyo mu ntambara hisunzwe amategeko mpuzamakungu. Umutekano muke utera wiyongera muri Mali mu myaka ya vuba.
Imirwi yitwaje ibirwanisho imwe muriyo ivurwa ko ikorana na Reta ya Kiyislamu imaze imyaka itari mike ikorera mu karere ka Sahel, karimwo igihugu ca Mali.