Igisirikare ca Burkina Faso catangaje ko abasirikare 24 bishwe mu gitero cakozwe n’abarwanyi batamenyekanye ku basirikare ba Reta ku musi wa mbere. Ni co gitigiri kinini cane c’abasirikare kibaye mu rugamba rw’ukurwanya intagondwa z’abayislamu.
Igisirikare ca Reta cari catangaje imbere yaho ko catakaje abasirikare 10, kimenyesha ko catanguye ibikorwa vya gisirikare vyo ku butaka no mu kirere bigamije kwihora ku gitero cakozwe ahitwa Koutougou, mu ntara ya Soum iri mu buraruko bwa Burkina Faso.
Umugambwe ukomeye utavuga rumwe na Reta, “Union pour le Progres et le Changement”, wasavye Reta gutanga imihoho. Uyagiriza ko yananiwe uguhagarika ibitero vy’intagondwa z’abayislamu vyahitanye abasivile amajana n’amajana, abandi barenga ibihumbi ijana na mirongo itanu barahunga ingo zabo.