Abashamiranye muri Libiya Bemeye Kugaruka ku Meza y'Ibiganiro

Ingabo ziyoboka generali Khalifa Haftar

Impande zishamiranye muri Libiya zemeye gusubira ku meza y’ibiganiro bigamije guhagarika burundu intambara. Aya makuru yatangajwe n’umurwi wa ONU muri Libiya, kuri uyu wa kabiri. Ni inyuma y’amezi atatu ivyo biganiro vyarahagaze.

ONU kandi imenyesha ko ishimishijwe n’ayo makuru, ariko ata n’umwe muri izo mpande zirwana aravyemeza canke ngo abibeshuze. Uwo murwi wa ONU muri Libiya umenyesha ko ivugururwa ry’ivyo biganiro rishobora gutuma haba agahengwe k’intambara kandi ko hashobora kwumvikanwa no kworohereza abatanga imfashanyo ku banyagihugu.

Abasirikare bashigikiye Jenerali Haftar kuva mu kwezi kwa kane umwaka uheze bariko bararwana kugira bigarurire umurwa mukuru Tripoli ugenzurwa n’abasirikare ba reta yemewe na ONU. Intumwa zigizwe n’abasirikare batanu bo ku mpande zishamiranye bari baraganiriye mu kwezi kwa kabiri ariko ivyo biganiro vyaciye bihagarara.

ONU isaba ibihugu bifashe mu mugongo izo mpande zibiri kubahiriza ivyemeranijwe mu nama yabereye mu gisagara ca Berlin mu Budagi mu kwezi kwa mbere. Ico gihe abakuru b’ibihugu rutura basavye inteko z’abanyamahanga zivanga mu bibera muri Libiya kubihagarika.