Abarwanya Reta ya Cadi Bavuga ko Barashe Indege y'Igisirikare

Abitwaje ibirwanisho badashigikiye reta mfatakibanza muri Cadi bavuga ko barashe indege ya kajugujugu yegukira igisirikare gifise ubutegetsi.

Kingabe Ogouzeimi de Tapol avugira abarwanyi bahiga kuvanaho iyo reta mw’itangazo yasohoye yagirije abasirikare bari ku butegetsi ko bariko baragaba ibitero bakoresheje indege ku birindiro vyabo, yongera agabisha ko indege iyo ari yo yose iza kongera guca hejuru y’ivyo birindiro baza kuyikorora nkuko bakoroye kajugujugu ya gisirikare.

Reta ntaco iratangaza kuri ivyo vyagiriji vyose. Jenerali Azem Bermandoa Agouna avugira abasirikare bafise ubutegetsi bwa Cadi ico bikoze yavuze ko ingabo zashoboye gutuza abarwanyi, zibegeza kure ku mbibe Cadi ihana na Nijeriya. Ku rundi ruhande ariko, abaroberi nabo bavuga ko bigaruriye igisagara citwa Nokou kiri ku birometero bigera ku 300 y’umurwa mukuru N'Djamena. Mu vyo abarwanyi bipfuza harimwo kwigarurira N'Djamena , gutyo bakavana ku butegetsi abasirikare.

Hagati aho, abanyepilitike batavuga rumwe na Reta basubiriye guhamagarira abanyagihugu mu myiyerekano isaba ko ubutegetsi bwohabwa abasivile. Mu gihe reta ihamagarira abanyagihugu kwihoza ako kamo, urunani FONAC ruhurikiyemwo imigambwe itavuga rumwe na Reta rwarahiye rurarengwa ko rutazoteshwa ngo rute.

Ubutegetsi bw’imfatakibanza muri Cadi twibutse ko bwahawe abasirikare inyuma yaho Prezida Idriss Déby Itno aguye ku rugamba. Umuhungu wiwe Mahamat Idriss Deby, w’imyaka 37 ni we yahawe uburongozi. Abatavuga rumwe na Reta ibi bavyiyamirije bavuga ko uwutwara inama nshingamateka ari we yari kuba aratwara Cadi mu kurundira itunganywa ry’amatora yandi.