AbanyeKongo Bakomeje Guhungira Ingwano y'Amoko muri Uganda

Umutegetsi wo mu gihugu ca Uganda yatangaje ko Abanyekongo amajana n’amajana bahahungiye mu misi iheze, kubera ingwano ifatiye ku moko igisibije mu ntara yo mu burengero bushira ubuseruko bwa Kongo.

Gerald Menya, umwe mu bategetsi bakora mu bushikirangnaji bujejwe kwitaho impunzi, yabwiye itororokanirizo ry’amakuru Associated Press uyu musi ku wa kabiri ko AbanyeKongo batatu bashika muri Uganda kw’isaha.

Yongeyeho ko AbanyeKongo ibihumbi 60 basavye ubuhungiro mu kiringo c’umwaka umwe, bahunze ingwano iri hagati y’abanyagihugu bo mu bwoko bw’Abahema hamwe n’Abalendu mu ntara ya Ituri.

Ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu bijejwe agateka ka zina muntu bivuga ko ubwicanyi, ubugizi bwa nabi bwo gufata abakenyezi ku nguvu, hamwe n’ayandi mabi akorerwa abanyagihugu bo mu bwoko bw’Abahema, bushobora gufatwa kw’ivyaha bikorewa ikiremwa muntu.