Perezida wa Reta Zunze Ubumwe z’Amerika Donald Trump arabandanya ibikorwa vyo kwiyamamariza manda yiwe ya kabiri. Ni ibikorwa biriko vyitabirwa n’abantu bake. Ekipe ijejwe kumufasha kwiyamamaza yataye ishavu ku bamenyeshamakuru, yagirije kuba ari bo bariko batuma ukwiyamamaza kwiwe kudahurumbirwa.
Brad Parscale atwara abamufasha kwiyamamaza yavuze ko amakuru yise “ ay’ibihuha” ku vyerekeye umugera wa Corona n’ “ugushikuza biciye mu kugagamisha isura y’imyiyerekano” y'abiyamiriza ivangura rukoba aha muri Amerika, biriko bituma aboje kumushigikira batinya. Mw'itangazo yasohoye yavuze ko hageze aho umurwi wiwe wibaza nimba ari ngombwa gukomeza gutanga impusha ku banyamakuru bamwe bamwe baza gukurikirana ivy'iyo myiyamamazo.
Mu mpera z’indwi twaraye duzozereye, Perezida Trump yari yigamvye avuga ko n’imiburiburi abantu bagera ku gice c’umuliyoni ari bo bari bamaze kugura amatike yo kuza kumwumviriza. Ibitangazamakuru bikorera mu gihugu vyemeza yamara ko abaje kumwumviriza ku munsi wa gatandatu yugurura ibikorwa vyo kwiyamamaza, muri Reta ya Oklahoma yiganjemwo abanyagihugu basa nk’abashigikiye imyumvire yiwe ya politike, Conservateurs, batarenga ibihumbi bitandatu n’amajana abiri.
Ijambo rya Trump ryo ku munsi wa gatandatu wuguruye ukwiyamamaza kwiwe ryakiriwe nabi n’abamwagirije kuba atashimikiye ku bibazo bihanze Amerika birimwo ikiza ca Corona, imyiyerekano y’abiyamiriza ivangura rukoba, n’ubutunzi bujegajega kubera Covid19. Ukwiyamamza kwa Trump ni ryo koraniro rya mbere muri Amerika ryatunganirijwe mu kibanza cugaye kuva hadutse ikiza ca Virusi ya Corona kimaze guhitana abantu barenga ibihumbi 120. Abanduye uwo mugera baza bararenze imiliyoni zibir