Abanyagihugu Batunze Ibirwanisho I Bujumbura Basabwa Kubitanga

Bamwe mu Rwaruka rw'imbonerakure mu 2015 muri karitiye ya Kinama.

Umuhanuzi mukuru wa Buramatari w’intara ya Bujumbura mu Burundi asaba abanyagihugu bo mu ntara ya Bujumbura batunze ibigwanisho batabifitiye uburenganzira kubisubiza ku bushake bwabo.

Ako kamo yagateye mu nama y’umutekano yabereye kuri uno wa mbere ku murwa mukuru wa komine Kabezi. Ni inyuma y’aho hari umunywanyi w’umuambwe CNL aherutse kwicwa arashwe muri iyo komine yo mu bumanuko bw’intara ya Bujumbura.

Abanywanyi b’umugambwe CNL ku mutumba wa Migera ahabereye ubwo bwicanyi babandanya kwagiriza imbonerakure za CNDD-FDD ko ari zo zagandaguye uwabo ku mvo za politike.

Bamwe mu baserukira umuhari w’imbonerakure muri komine Kabezi bari bitavye inama y’umutekano yo kuri uno wa mbere barahakana ko ata ruhara na rumwe bafise mw’igandagurwa ry’umubanyi wabo.

Ibintu biri uko mu ntara ya Bujumbura mu gihe hari amakuru avuga ko hagiye kuba uruhigi rukomeye ku banywanyi b’umugambwe CNL na cane cane ku bari ku ntonde z’abazitoza mu matora atandukanye.

Abamenyeshamakuru bishikiye muri komine kabezi kuri uno wa mbere bashatse kumenya ico ku rwego rw’intara babivugako ariko umuhanuzi mukuru wa Buramatari w’intara ya Bujumbura nta kiganiro yashimye gutanga.