Abandura Covid-19 Bariyongera Kubera Ubwoko Bushasha, Omicron

Ibigitigiri vy'abariko basubira kwandura Covid-19 bitewe n'ubwoko bushasha bw'uwo mugera bwa Omicron biriko biriyongera. Yamara ibimenyetso vy'abasubira kwandura n'abandura inyuma yuko bicandagishije bisa n’ibidakomeye.

Ubwo bwoko, bwateye impungenge zikomeye mu makungu ko ibitigiri vy’abandura bishobora kwiyongera bikomeye, bwatowe ubwa mbere muri Afrika y’epfo. Ababwandura muri ico gihugu bariko barengera abandura ubwoko bwa Delta bwari busanzwe ari bwo bukomeye cane.

Anne von Gottberg, umuhinga mu vyerekeye indwara n’imigera, yatangaje ko we na bagenzi biwe babona ko abasubira kwandura bivuye ku bwoko bushasha bwa Omicron n’abandura baricandagishije batazokwerekana ibimenyetso bikomeye.

Von Gottberg avuga ingingo zafashwe n’ibihugu bitari bike z’ukwankira abagira ingendo baturutse muri Afrika y’epfo kuza ku butaka bwavyo biriko bigira ingaruka mbi ku bushakashatsi ku bwoko bwa Omicron. Amenyesha ko kubera ingingo ivyo bihugu vyafashe hari indege nkeyi zishobora gukoreshwa kugira zizane ibikoresho bikenewe mu bushakashatsi.

Abategetsi b’ibihugu vyo muri Afrika baridogeye iyo ngingo, mu kuvuga ko ibihugu vyabo vyahanywe kubera vyakoreye mu muco mu gutanga amakuru yerekeye ubwoko bushasha bwa Omicron. (Reuters)