Abantu bagera kuri 48 ni bo bamaze kumenyekana ko baguye mu bitero bibiri vy’abihevyi muri Afuganistani. Kimwe muri ivyo bitero cagabwe aho Perezida wa Afuganistani Ashraf Ghani yariko akorera imyiyamamazo y’amatora yimirije, ikindi kigabwa i Kaboul ku murwa mukuru.
Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bwemeje ko igitero ca mbere cagabwe mu ntara ya Parwan iherereye mu buraruko bwa Afuganistani cahitanye 26 gikomeretsa 42 barimwo abana n’abagore. Mu bakomeretse n’abitavye Imana nta n’umwe yari mu baherekeje Perezida Ashraf Ghani kwiyamamamaza.
Igitero ca kabiri cagabwe inyuma y’amasaha make y’ico ca mbere ku murwa mukuru Kaboul hafi y’ahakorera ubuserukizi bwa Amerika co cahitanye 22 barimwo abasirikare b’igihugu batandatu. 38 ni bo bagikomerekeyemwo nkuko urwego rujejwe iperereza rwabitangaje.
Abatalibani bigamvye ivyo bitero bibutsa abanyagihugu ko bari babagabishije kudahirahira ngo baje ahazobera imyiyerekano y’amatora ategekanijwe igenekerezo rya 28 uku kwezi kwa cenda. Iyo myiyerekano igitangura abatalibani bahize ko bazokora ibishoboka vyose bakayihungabanya co kimwe n’amatora.