Umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe mpuzamakungu, ONU, Antonio Guterres agabisha ko inguvu nke ziriko zishirwa mu gukingira ibidukikije zizotuma ikibazo c'ihindagurika ry'ibihe kigera aho ata wuzoshobora guhangana na co.
Antonio Guteress yabivugiye i Madrid ku murwa mukuru wa Espagne atanguza inama ngarukamwaka igira 25 kw’ihindagurika ry’ibihe izwi kw’izina rya COP (Conferences des parties).
Ku ruhande rw'amashirahamwe akingira ibidukikije basanga isi yari ikwiye gushira imvugo mu ngiro, ikerekana ishaka atari uko bakemeza ko ingaruka zizoterwa n'ihindagurika ry'ibihe zirimwo ubushuhe n'imyuzurire na cane cane mu bihugu biri mu nzira y'iterambere zizoba nyinshi muri kazoza ka hafi.
Landry Ninteretse atwara ishirahamwe 350 ku rwego rwa Afurika mu kiganiro n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Diane Nininahazwe arabisigura.
Your browser doesn’t support HTML5