Abagera kuri 50 Bahitanywe n'Isanganya ya Gari ya Moshi muri Kongo

Isanganya ya gari ya moshi muri Republika ya demokarasi ya Kongo mu bucagucagu bwo kuri uno wa kane yahitanye abagera kuri 50.

Ubushikiranganji bwo gufashanya muri ico gihugu bwatangaje ayo makuru ntibwatomoye ibitigiri vy’abakomerekeye muri iyo sanganya. Abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter, Steve Mbikayi aramutswa ubwo bushikiranganji, yavuze ko abakomeretse ari « benshi. »

Ababonye isanganya babwiye itororokanirizo ry’amakuru y’Abafaransa AFP ko yahitanye abashobora kuba barenga ijana.

Igisata kijejwe gucungera ingene za gari ya moshi zikora muri Kongo cirinze gutangaza ibitigiri ntabanduka y’abahasize ubuzima n’abahakomerekeye. Gisigura ko abari muri iyo gari ya moshi bari ingenzi zitagira ivyangombwa.