Ikiganiro cy'Urubyiruko cyo ku Itariki 18 Ukuboza  2004

*Mu makuru makuru makuru yerekeye urwaruka uyu munsi, Urwaruka rwo mw’ikambi ya Lukole, rurahimirizwa kwipimisha umugera wa SIDA ku gushaka kwarwo, kugira ngo rumenye inyifato ruzogira muri kazoza.

*Ikibazo c’ukunganya hagati y’umwana w’umukobwa n’umuhungu mugutorana ibisigi vyabavyeyi kiracateye impari mubanyagihugu

*Mu Rwanda, mu nkambi y’impunzi z’abanyekongo ya Gihembe yo mu ntara ya Byumba hizihijwe umunsi mpuza mahanga wo kugwanya SIDA wakanguriraga abagore batwite kwipimisha ubwandu bwagakoo gatera SIDA.

*Abana bari mu nkambi ya Nkamira mu ntara ya Gisenyi bahangayikishijwe n'uko bataye amashuri yabo bakaba nta n'icyizero bahabwa n’ishami ry’umuryango w’abibumbye ryita ku mpunzi HCR ko bashobora kuzayakomeza.