Burundi: Indwara y'Impiswi Yadutse mu Bahoze Ari Abarwanyi i Muyange Bulamata  - 2004-10-18

Ingwara yo gucibwamwo kuvanze n'amaraso yariyadukije mu bahoze ari abarwanyi bakoranirijwe mu kibanza ca Muyange-Bulamata mu ntara ya Bubanza. Ibiro vy'ubuvuzi mu ntara ya Bubanza vyemeza y'uko ku barwanyi 50 bafashwe n'ugucibwamwo harimwo 16 bacibwamwo amaraso ubu bagoyagoya, bakaba baryamitswe mu kigangara gisanzwe kivugirwamwo ibisabisho aho muri iyo site ya Muyange-Bulamata. Abakozi bajejwe amagara y'abantu muri ako karere baherutse kwishikirayo barororokanije umwanda w'abamaze gufatwa n'ugucibwamwo ukaba waciye ujanwa i Bujumbura kwihwezwa.

Inkuru ziva muri iyo ntara zimenyesha y'uko abasirikare b'aba nya Nepal baje gucungera umutekano w'abo bahora ari abarwanyi ku bw'ishirahamwe ONU (ONUB) zemeza ko badashobora gutabara izo mbabare bivuye kuko ata buryo bafise bugenewe ukubavura. Umukuru w'intara ya Bubanza mu vy'ubuvuzi, Dr. Canisius Havyarimana, yaratanze uruhusha rw'uko abo barwayi bohabwa umuti Negram.

Tumenyeshe ko abandi 30 mu bahoze ari abarwanyi bari ku musego bivuye ku ngwara ya Malariya.

Ingwara yo gucibwamwo yatanguye kwibonekeza mu nyuma y'ibura ry'amazi kuva kw'igenekerezo rya 9 muri uku kwezi muri komine yose ya Gihanga, ari nayo iyo site iherereyemwo. Umuringoti ujana amazi wari wazivye, abo barwanyi bakaba baciye bikora ku mazi y'uruzi rwa Kajeke, n'ayo mu miringoti ivomera imirima.

Tumenyeshe ko abahora ari abarwanyi ba CNDD ya Leonard Nyangoma, na Palipehutu ya Etienne Karatasi, baheruka guhamvya muri iyo site ab'umuhari FNL wa Alain Mugabarabona n'aba FDD ba Jean bosco Ndayikengurukiye.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.