Burundi:  Impunzi Zisaga ibihumbi 60 Zaratahutse Muri Uno Mwaka - 2004-08-30

Impunzi z'Abarundi bagera ku 66.367 ziramaze gutahuka kuva mu ntango z'umwaka w'2004.

Ishirahamwe HCR ryitaho impunzi kw'isi risigura ko iyongerekana ry'ibitigiri vy'abatahuka ritumwa n'uko amahoro yagarutse ku gice kinini c'igihugu, mu nyuma y'amasezerano y'amahoro yabaye mu mwaka w'2003, n'ukwinjira muri reta kw'umuhari wahora urwana wa CNDD-FDD.

Mu kwezi kw'indwi kwonyene izo mpunzi zatahutse zigera ku 10.355. Itangazo ryasohowe mu mpera z'iyi ndwi n'ishirahamwe mpuzamakungu HCR rimenyasha y'uko mu mpera z'uno mwaka ritegekanya kuzoba ryatahukanye mu Burundi impunzi zishika kwu 150.000.

Tumenyeshe y'uko Abarundi basigaye mu makambi y'impunzi mu gihugu ca Tanzania bagera ku 250.000 mu gihe abagera ku 470.000 bari mu bisagara canke mu mitumba muri ico gihugu ca Tanzania nyene.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.