Burundi: ONU Ngo Igiye Kugira Abasirikari mu Burundi - 2004-02-27

Abasoda barungitswe mu Burundi n'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika UA gucungera ishirwa mu ngiro ry'amasezerano yo guhagarika ingwano bagiye kuzokwitwa aba ONU. Ivyo ni ivyamenyeshejwe na Berhooz Sadry, arongoye ibikorwa vyari bimaze indwi zibiri biriko birabera mu Burundi. Berhooz Sadry asanzwe ari icegera c'intumwa idasanzwe y'umunyamabanga mukuru wa ONU muri Republika Demoratique ya Kongo, MONUC.

Urwo rugendo rwari rwasabwe na reta y'Uburundi hamwe, n'umuhuza mu biganiro vyo guhagarika ingwano mu Burundi, akongera akaba icegera c'umukuru wa Afrika y'epfo, Jacob Zuma, kugira ngo bihweze ukugene bofata mu mugongo ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika n'inteko zaryo ziri mu Burundi.

Muri rusangi iryo shirahamwe be n'abo basirikare baryo bari basanzwe bafise ingorane zijanye n'uburyo. Berhooz Sadry ku bwiwe amenyesha ko intererano y'ishirahamwe ONU atari ikimenyesto c'uko iryo shirahamwe ryananiwe, akaba anakeza ivyo abo basoda bamaze kurangura haraheze umwaka wose bari mu Burundi.

Iyo ntumwa ya Koffi Anan aramenyesha kandi ingingo y'uko abasoda b'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika bokwegukira ishirahamwe ONU igiye kuzofatwa mu maguru masha n'urwego rujejwe amahoro n'umutekano kw'isi.

Mu nyuma y'aho agendeye Uburundi, akongera akanaganira n'abakuru bakuru mu gihugu no mu vya politique, Berhooz Sadry avuga y'uko umutekano uriko uragaruka bimwe biboneka, akemeza ko ibice 90 % vy'igihugu bitekanye. Ku bwiwe, impande zose za politique zarerekanye ishaka zifise ryo gushishikara umugambi wo kugarukana umutekano kandi ko no mu mirwi ikiriko irarwana hariho ishaka ryo kugaruka mu biganiro vy'uguhagarika intambara hamwe na reta.

Ariko ibitari bike biracarindiriye kurangurwa umuntu yihweje ibitegekanywa n'ikirangamisi cashingiwe mu masezerano y'i Arusha. Akarorero ni nk'ugushinga igisirikare hamwe n'igipolisi vy'igihugu bishasha, ugukura abarwanyi mu mirwi irwana no kubaka ibirwanisho, ukwemeza amategeko amwe amwe nk'ibwirizwa shingiro...

Ku bw'abemeza canke bagahakana ko amatora atazobera ku kiringo gitegekanywa kw'isango ryo mu mpera z'ukwezi kwa Gitugutu ritegekanijwe n'amasezerano yabaye hagati y'abanyepolitique i Arusha, Berhooz Sadry abasaba kugira ibishoboka vyose kugira ngo ashobore kuba.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.