Burundi: Ihinguriro Bragitta Ryaratewe Amabombe - 2003-04-17

Ihinguriro ry'ibinyobwa vy'ishirahamwe Brarudi BRAGITTA riri mu ntara ya Gitega ryaratewe mw'ijoro ryo ku wa gatatu rishira uwa kane za bombe zishika kw'icenda.

Ivyo bitero vyagirizwa umuhari CNDD-FDD ishami rya Pierre nkurunziza vyatumye igikono carimwo inzoga cononekara , hamwe n'inyubakwa zikoreramwo abajejwe intwaro muri iryo shirahamwe.

Ahandi havurwa ibitero bene ivyo ni ku murwa mukuru w'ntara ya Ruyigi mu bumanuko bushira ubuseruko bw'igihugu, ariko ntacononekaye nk'uko bishikirizwa na Colonel Augustin Nzabampema umuvugizi w'igisirkare c'Uburundi.



Shakira andi makuru yo mu karere hano.
Saba amakuru muri email yawe hano.