Ingingo Itezurira Abanyororo mu Burundi

Umukuru w'igihugu c'Uburundi yaraye afashe ingingo itezurira abanyororo. Itegeko ry'umukuru w'igihugu ryashizwe ko umukono ku musi wa gatatu, iigenekerezo rya 24, rikaba ryatangajwe ku wa kane, igenekerezo rya 25, ryisunga ingingo y'i 113 y'ibwirizwa nshingiro riha ububasha umukuru w'igihugu bwo gutezurira abanyororo; kubarekura canke kubagabagabaniriza ibihano.

Perezida Petero Nkurunziza avuga ko yafashe iyo ngingo kugira ngo agabanye ibitigiri vy'umurengera biri mu mabohero. Ingingo yerekeye bamwe mu banyororo ibihumbi bine n'ijana na cumi na babiri, bamaze gucirirwa urubanza, mu gihe hari abanyororo ibihumbi bitandatu n'amajana ane na mirongo icenda n'umuna bapfunzwe vy'agateganyo, batarigera barengutswa imbere y'abacamanza.

Mu kiganiro umuvugizi w'umukuru w'igihugu yahaye abamenyeshamakuru, yavuze ko abatezurirwa n'iyo ngingo ari abakatiwe umunyororo utarenga imyaka itanu; abakenyezi bapfunzwe bibungenze canke bonsa; abanyororo bagwaye ingwara zidakira; abapfungwa bafise imyaka mirongo itandatu canke irenga; n'abana bafise imyaka iri musi ya cumi n'umunani bose bagiye kurekurwa.

Iyo ngingo ntiha ikigongwe abagirizwa gufata abakenyezi ku nguvu canke ivyaha bisa, ubwicanyi, ubusuma bw'abitwaje ibigwanisho, abahungabanije umutekano, abanyuruje amatungo ya reta, abagirizwa uburozi, imiriro, kwigana impapuro canke amafaranga, n'abakurikiranwa kubera kudadanza canke kurima ibiyayuramutwe.

Abantu barekurwa n'iryo tegeko ry'umukuru w'igihugu barakatiwe amahadabu bategerezwa kuyariha. Umukuru w'igihugu asaba abanyagihugu kwakirana umutima w'ikigogwe abo banyororo bagiye kurekurwa.

Umukuru w'ishirahamwe APRODH akurikiranira hafi ibibazo vy'abanyororo, yabwiye Ijwi rya Amerika ko ashimishwa n'iyo ngingo, ariko ko ata kintu kinini izofasha mu kugabanya ibitigiri vy'umurenge mu mabohero. Ku bwa Pierre Claver Mbonimpa, ngo ku bantu 4112 barabwa n'iyo ngingo, nta majana atatu bazorekurwa, kuko benshi bakurikiranwa ku vyaha bikomeye bitagirirwa ikigongwe.

Mu Burundi hari abanyororo barenga ibihumbi cumi na kimwe, mu gihe ibibanza bibakira vyari vyategekanije kwakira ibihumbi bitanu.