Ikarata yo Gutora ku Barundi Baba mu Mahanga

Mu misi iheze, umukuru w’umurwi ujejwe gutunganya amatora mu Burundi, CNI, yaratangaje igitigiri c’abarundi biyandikishije kugira ngo bazotore mu matora ategekanywa kuva mu kwezi kwa gatanu kuza.

Yamara abarundi batari bake, cane cane ababa mu mahanga, bafise amakenga ku vyerekeye ibisabwa imbere y’uko umurundi aronswa iyo karata.

Mu kiganiro, Dusangire Ijambo co kw’igenekerezo rya 20 ukwezi kwa kabiri, umumenyeshamakuru Frederic Nkundikije, yaraganiriye kuri ico kibazo na Freddy Nkurikiye, umuhinga mu vyerekeye amatora, Pacifique Manirakiza, hamwe na Fabien Cishahayo, bigisha mu mashure kaminuza yo muri Canada.