Raporo
UNICEF yashikirije kur'uwu wa gatatu abamenyeshamakuru bariko biga ibijanye
n'agateka k'abana mu ntara ya Gitega ku vyerekeye uburyo abana babayeho mu
Burundi yerekana ko abana ibihumbi mirongo irindwi na bana bapfa uko umwaka
utashe batarakwiza imyaka itanu. Abana barenga ibihumbi mirongo ine nabo
bapfa batarashikana umwaka.
Umuhinga mu bijanye n'amagara y'abana Deo Manirakiza ari nawe yashikirije iyo
raporo ya UNICEF asigura ko ibice birenga mirongo irindwi kw'ijana
vy'abana bapfira mu hira, abavyeyi bariko baribaruka. Mu Burundi abana
ngo bitaba Imana bakiri bato cane kubera ugufungura nabi,ingwara zo gucibwamwo,
marariya no guhema nabi. Umuhinga deo Manirakiza avuga ko gucandagisha abana
vyateye intambwe ishimishije ariko ngo biribonekeza ko ingorane nyinshi
zibangamiye ugugambi usangiwe n'ibihugu vyo kw'isi,umugambi ushimikiye
kw'iterambere n'amagara y'abakuze n'abana no guteza imbere inyigisho.
Raporo ya UNICEF yerekana kandi ko ibice mirongo ibiri na bitatu kw'ijana
vy'abana aribo baronka amazi y'ivyunyunyu iyo bagwaye ingwara yo
gucibwamwo,ibice mirongo itatu na bine kw'ijana nabo nibo bakaraba bakoresheje
isabuni. Ibice umunani kw'ijana vy'abana nibo baryama mu misegetera
irimwo umuti, ibice bibiri kw'ijana gusa vy'abana nibo bashobora kuronka
umuti uvura uguhema nabi ku bana.