Alexis Sinduhije Umukuru w’Umugambwe Ugira Uwa 43 mu Burundi  

Umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu, Edouard Nduwimana, yatangaje ko umuhari MSD utwagwa n'uwahoze ari umumenyeshamakuru, Alexis Sinduhije, wemerewe kuba umugambwe wemewe n’amategeko. Itegeko ry'umushikiranganji Nduwimana ryasohotse ku muhingamo wo ku musi wa mbere, igenekerezo ry’umunani ry’uku kwezi kwa gatandatu, riha umuhari MSD uburenganzira bwo gukorera ku mugaragaro.

Umunyamabanga mukuru w'umugambwe MSD, Odette Ntahiraja, yabwiye Ijwi rya Amerika ko bashimishijwe no kwemererwa kuba umugambwe. Yavuze ati ''tugiye gukora atabwoba bwo gufatwa''. Umuhari MSD wari umaze amezi icenda usavye kuba umugambwe. Umukuru w'umuhari MSD, Alexis Sinduhije, yarigeze gufatwa arapfungwa, yagirizwa gutunganya amanama atarekuwe n'amategeko.

Umuhari MSD ubaye umugambwe ugira uwa mirongo ine na gatatu mu migambwe yemerewe mu Burundi. Uwo mugambwe wemerewe mu gihe amatora mu Burundi ategekanijwe mu mwaka uza w'i 2010. Uburundi bwatanguye kwemera intwaro ishimikiye ku migambwe myinshi mu mwaka w'i 1993.