Urwego Rujejwe Impunzi z'Abanyamahanga mu Burundi

Reta y'Uburundi yashinze urwegu rujejwe kwakira impunzi z'abanyamahanga. Amategeko agenga urwego rushasha rugiye kuzokwakira impunzi z'abanyamahanga mu Burundi rwashikirijwe n'uwuserukira HCR i Bujumbura afadikanije na koroneri Didace Nzikoruriho imbere y'abamenyeshamakuru. Koroneri Didace Nzikoruriho agiye kurongora urwo rwego yavuze ko intumbero nyamuru y'urwo rwego ngo n'ukworohereza abanyamahanga basaba ubuhungiro mu Burundi.

Mu kiganiro cari kigenewe abamenyeshamakuru, koroneri Didace Nzikoruriho yasiguye ko Uburundi ata rwego rutomoye rujejwe kwakira impunzi z'abanyamahanga rwari rufise. Ingorane zari zimaze kwibonekeza, ngo n'uko abasaba ubuhungiro batamenya aho bitura. Ishirahamwe HCR ryahora rikora ivyo rishoboye, kandi mu buryo budatomoye, n'abaporisi bajejwe ibirere n'imipaka nabo nyene bagakora mur'ubwo buryo budatomoye.

Uwuserukira HCR mu Burundi BO Chak amenyesha ko abanyamahanga basaba ubuhungiro mu Burundi bamara imyaka n'imyaka barondera impapuro n'uruhusha rwo kuba mu Burundi. Ivyo bikava ku kutumvikana k'ububasha bwa HCR n'izindi nzego za reta, zirimwo urwego rw'abaporisi, ubushikiranganji bujejwe intwaro yo hagati mu gihugu, n'ubushikiranganji bujejwe umutekano.

Imbere y'ibiro vya HCR i Bujumbura, impunzi zama ari uruja n'uruza, benshi muribo bakamara amezi n'amezi bahaba mu misegetera abagiraneza batandukanya babahaye. Gufungura nti biborohera, abafise abana bakabatuma gusega mu mabarabara, abandi nabo bakabeshwaho n'utwo amashirahamwe canke abagiraneza baza barabazanira, cane cane ku musi w'Imana. Urwego rwashinzwe ngo rugiye gufasha impunzi kuronka impapuro ku buntu kandi mu misi mike.

Didace Nzikoruriho ajejwe ivyerekeye impunzi mu bushikiranganji bujejwe intwaro yo hagati mu gihugu yabariye Ijwi Amerika ko kuva mu mwaka urangiye gushika uno musi bakiriye impunzi zirenga ijana na mirongo itanu ku kwezi. Mu mwaka w'i 2007, impunzi zakirwa ku kwezi ngo zarenga igihumbi. Ivyo bikaba vyatewe n'intambara zo muri Congo. Impunzi z'Abanye Congo ziri mu Burundi ziharurwa mu bihumbi mirongo ibiri n'indwi. Bakaba bagize ibice birenga mirongo icenda kw'ijana vy'impunzi ziba mu Burundi.

Ingorane zijanye no kwakira impunzi mu Burundi zifatiye ku bukene bw'amatongo, impunzi zikabura aho zirima, zikama ziriko zirasegereza, mu gihe n'abarundi basanzwe bakenye ivyo bafungura. Iyindi ngorane ijanye no kwonona ibidukikije. Koroneri Didace Nzikoruriho avuga ko umuryango umwe ukoresha igiti ku musi, kandi nti gisubirizwe.

Uwuserukira HCR mu Burundi BO Chak yamenyesheje ko mu mezi atatu ari yimirije, Uburundi buzokwakira impunzi z'Abarundi zirenga ibihumbi mirongo itanu zizova muri Tanzania, n'izirenga ibihumbi mirongo ibiri zizova muri Congo no mu Rwanda. Bo Chack asigura ko ibikorwa vyo kwitegurira izo mpunzi bigenda neza, benshi bakazoshikira mu ntara za Makamba, Bururi na Rutana. Abo Barundi batahuka bitezwe mu gihe ubwicanyi bufatiye ku ngorane z'amatongo bubandanya buhitana abantu mu ntara nyinshi z'igihugu.