Mu kiganiro Andre Nikwigize, umuhanuzi mukuru mw'ishirahamwe ryerekeye ubutunzi muri Afrika bita, "Commission Economique Pour l'Afrique" mu rurimi rw'igifransa, yahaye Ijwi rya Amerika, yavuze ko igihugu ca Amerika muri iyi myaka itanu irangiye cagize ingorane nyinshi zerekeye ubutunzi aho cane cane idolari ryataye agaciro ibice birenga mirongo ibiri na bitanu kw'ijana.
Yatangaje ko ivyatumye idolari rita agaciro ari vyinshi, ngo
yamara harimwo cane cane imyenda y'umurengea Amerika ifitiye amakungu, ingurane
z'umurengera Amerika yahaye abanyagihugu kugira bashobore kwubaka amazu hanyuma
ntibashobore kwishura.
Ugutakaza agaciro k'idolari bikaba biteye amakenga ibihugu
vyinshi harimwo n'ibihugu vyo muri Afrika. Avuga ko nkuko bizwi, ibihugu vyo
muri Afrika bifise ubutunzi bucumbagira.
Akamaro k'idolari ngo s'agaseseshwarumuri, ngo idolari
ryamye riri kw'isonga ry'amafranga y'agaciro akoreshwa mu butunzi haba mu
vyerekeye ubudandaji, haba mu vyerekeye ububiko bw'amafranga y'agaciro amabanki
makuru uo kw'isi abika.
Andre Nikwigize avuga ko ingaruka z'itituka ry'idolari cane
cane mu karere ka Afrika ni nyinshi. Amafranga y'agaciro y'ibihugu vyinshi ava
mu nfashanyo no muvyo ivyo bihugu bishorera hanze, akaba ari navyo ivyo bihugu bikoresha mu kugura ivyo
bikeneye hanze, vyaba ivy'ugukoresha mu mahinguriro, vyaba ibifungugwa, canke
ibitoro.
Ameneysha ko iyo rero idolari ritaye agaciro, hari ingaruka
zibiri nkuru.
Ubwa mbere , amafranga yose y'agaciro yinjira arata agaciro
ku buryo amafranga aba akenewe y'ukugura ibivuye hanze aba make.
Ica kabiri n'uko kenshi na kenshi iyo idolari ritaye
agaciro, ku bihugu vya Afrika, bikoresha amadolari kugira bigure ivyo bikeneye
hanze, amafranga ivyo bihugu bikenera aba make muri ivyo bihugu. Iduzwa ry'ibiciro vy'ibitoro n'ibifungugwa bikaba vyaje
kwiyongera kuri ico kibazo.