Ingwano Hagati y’Umuhari FNL-Palipehutu n’Abasirikare ba Reta.

Umuhari FNL-Palipehutu urahakana ko atariwo wasomborokeje ingwano yasubiye kwaduka. Ahubwo umuvugizi w’uwo muhari, Pasteur Habimana ashira amakosa ku basirikare ba reta y’Uburundi, akaba avuga kw’aribo bakoresheje ibikoho bikomakomeye mu kurasa abarwanyi b’umuhari FNL Palipehutu.

Pasteur Habimana avuga kandi ko reta yadohotse ku masezerano yo guha aba FNL uburenganzira bwo kudakwirikiranwa ku vyaha bagirizwa imbere y’uko baja mu biganiro vyo gushira mu ngiro amasezerano y’amahoro vyari bitegekanijwe gusubira gutangura vuba mu Burundi.

Insiguro zitomoye mu kiganiro gikurikira umumenyeshamakuru Frederic Nkundikije yagiranye n'umuvugizi w'umuhari FNL-Palipehutu, Pasteur Habimana: