Urupfu gw'Umusirikare w'Umurundi muri Somalia

Inyuma y'igitero c'abihevyi cabaye muri Somalia kw’igenekerezo ry’umunani, ukwezi kwa kane, umwaka wi 2008, umwe mu basirikare b'Uburundi barungitswe guhagararira amahoro yitavye Imana bukeye kw’igenekerezo ry’icenda, ukwezi kwa kane, umwaka wi 2008. Nk'uko bishikirizwa n'umuvugizi w'abasoda bari muri Somalia, kapitene Clement Cimana, ico gitero cabereye ahahoze ishure kaminuza y'i Mogadiscio, ari naho haba abasirikare amajana umunani b'abarundi bari mu nteko z’ishirahamwe rya Afrika zifasha kugarukana amahoro muri Somalia.

Mur'ico gitero, umwihevyi yatwaye umuduga urimwo za bombe agerageza kwinjira mw’ikambi ibamwo abasoda b'abarundi, ariko aca aseka uruhome, abasirikare babiri barakomereka, umusirikare umwe mu bakomeretse yapfuye bukeye, hongera hakomereka n’abanya Somalia indwi bari mu micungararo. Babiri mur’abo banya Somalia bakomeretse barababaye cane.

Kapiteni Clement Cimana umuvugizi w’abasirikare b’abarundi bari muri Somalia yarongeye amenyesha ko mu gitondo co kw’igenekerezo ry’icenda ry’uku kwezi nyene, abasirikare b'abarundi batezwe umutego ugira kabiri. Bombe zatezwe ku nzira bacamwo zaturitse hasigaye iminota mikenya imbere y'uko bahashika, imana irakinga nta muntu yahasize ubuzima. Umwe mu migwi icuditse n’umugwi Al Qaida uramaze kwemanga ivyo bitero.

Imbere y'uko abasoda b'abarundi barungikwa muri Somalia, imigwi yegamiye idini rya isilamu yari yaragabishije Uburundi, ibubuza kurungia abasoda muri Somalia.