Abashingamateka Bariyamiriza Umukuru w'Inama Nshingamateka

Abashingamateka barenga mirongo itandatu basavye umukuru w'Inama Nshingamateka mu Burundi gutanga imihoho. Mu kiganiro abashingamateka bo mu migambwe FRODEBU, UPRONA, CNDD n'amashirahamwe ashigikiye Hussein Radjabu bahaye abanditsi n'abamenyeshamakuru kw’igenekerezo rya cumi n’indwi ry’uku kwezi, basavye ko umukuru w'Inamanshingamateka, Pie Ntvyohanyuma, yotanga imihoho.

Mu majambo yashikirijwe, Pie Ntavyohanyuma yagirizwa kutubahiriza amategeko agenga Inama nshingamateka, kugendera ku mategeko y'umugambwe gusa no kutumviriza abashingamateka batavugarumwe na reta.

Kuva Alice Nzomukunda akuwe, umugambwe FRODEBU ugahagarika Didace Kiganahe, ibiro vy'Inama Nshingamateka vyaciye vyitwa ko birimwo ubwoko bumwe bw'abahutu. Ivyo navyo bikaba biteye kubiri n'ibwirizwa shingiro. Impari zose n’ukutumvikana bihagaze k’ukugena ibiro bishasha vy'Inama nshingamateka. Abashingamateka batavuga rumwe na reta basaba umukuru w'igihugu gufasha, kugira ngo izo ngorane zihere.