MSF Hallande Ryarasezeye Ibitaro vy'i Kinyinya

Inyuma y'umwaka hafi urangiye ishirahamwe ry’abaganga ataho bimiriwe MSF Hollande rihagaritse ibikorwa vyaryo mu bitaro vy' i Kinyinya m’ubuseruko bw'Uburundi, ivyo bitaro bigeze ahamanuka.

Imbere y'uko ishirahamwe MSF Hollande rihagarika akazi, ivyo bitaro vyakoramwo abaforoma mirongo ine na babiri, none bisigaranye batandatu gusa. Imodoka yatwara abagwaye ntigikora; imashine yakwega amazi yarahagaze.

Ivyo bitaro vy'i Kinyinya vyari bisanzwe vyakira abagwayi bava mu ntara nyinshi z'igihugu, hamwe n'abanyamahanga bava mu gihugu ca Tanzania. Ishirahamwe MSF Hollande ryarafasha kandi mu bitaro vyo ku mugwa mukuru wa Ruyigi, none mur’iki gihe navyo nyene bifise ingorane zikomeye zo kwakira abagwaye no kuronka imiti. Ibintu vyunyutse kurusha inyuma y’uko ishirahamwe Action Contre la Faim naryo nyene ryugaye mu ntango z'ukwezi kwa mbere kw’uyu mwaka, kubere igandagurwa ry'umukozi waryo, umufaransakazi Agnes Bury.

Buramatari w’intara ya Ruyigi, Moise Bucumi, asaba abagiraneza kugaruka gufasha abanyagihugu babangamiwe n'ingwara, inzara, hamwe n'ubukene.