Ubwicanyi mu Gisagara ca Bujumbura

Mu Gihosha, mu micungararo y’igisagara ca Bujumbura, iruhande y'ubunywero bw'umushingamateka yitwa Cigumije, abasirikare b'igihugu baratanye mu mitwe n'abantu bambaye impunzu za gisirikare kandi bitwaje ibigwanisho. Ico gitero cabaye kw’igenekerezo rya mirongo ibiri na gatanu ry’uku kwezi kwa kabiri, cahitanye abasoda batatu, uwundi umwe arakomereka.

Abateye bagiye batwaye inkoho zitatu z'abo basirikare, kandi umuvugizi wa gisirikare avuga ko bari abagwanyi b’umuhari FNL ugwanya ubutegetsi. Intambara yadutse igihe c’isaha zibiri z'ijoro, hafi y'ikirabo gikunda guhuriramwo abategetsi b’umugambwe CNDD-FDD. Na nyeneco n’umushingamateka wo m’umugambwe CNDD-FDD.

Abajejwe intwaro aho mu Gihosha bavuga ko abishe abo basirikare bashaka kuja kwiba mur'ubwo bunywero. Musitanteri wa komine Gihosha asaba ko abajejwe umutekano bakwongerezwa, umutekano w'abanyagihugu ugacungerwa kurusha.

Abarongoye umuhari FNL bisigura bavuga kw’izo ntambara zaduka igihe aba FNL bariko barivuna abasoda ba reta bababuza kuja iyo bashaka. Kuva ishigwa mu ngiro ry'amasezerano y’amahoro rihagaze, umutekano wabandanije gutituka.

Inama ikomeye yo kugerageza gusubira gushira mu ngiro ayo masezerano yari itegekanijwe kw’igenekerezo rya 26 uku kwezi, ariko yungururijwe kw'igenekerezo rya mbere ukwezi kwa gatatu i Dar Es Salaam muri Tanzania.