Kudafata Ibinyobwa vya BRARUDI ku Musi wa Gatanu Igenekerezo  rya Kane  z’Uku Kwezi

Mw'itangazo ishirahamwe ry'abaguzi ABUCO ryashikirije ku maradiyo no mu binyamakuru, abarongoye iryo shirahamwe basavye ko ata munywanyi waryo yoshira ku munwa ibinyobwa vy’ihinguriro BRARUDI ku musi wa gatanu igenekereza rya 4 ukwezi kwa mbere 2008.

Ako kamo katewe inyuma y'aho ihinguriro BRARUDI ryipfurije abanywanyi baryo umwaka mwiza mu kuduza ibiciro ku musi wa mbere w'umwaka w'i 2008, ku bice hafi mirongo ine kw’ijna. Ihinguriro ry'ibinyobwa BRARUDI ryasiguye ko amatagisi reta isaba yiyongereye cane cane ku binyobwa bita fanta. Mw'itegeko ritomora amafaranga reta izokoresha mu mwaka w'i 2008, reta yashinze ko izoronka amafaranga mirongo itanu kw'icupa ry'ifanta riguzwe, ayo mafaranga akiyongera ku bice cumi n'umunani kw’ijana n'ayandi mafaranga ane yahora yama itwara.

Ishirahamwe ry'abaguzi ABUCO rivuga ko ridashigikiye iryo duzwa ry'ibiciro, kuko ubwa mbere na mbere ngo nti ryagishijwe inama. Ikindi ngo n'uko abaguzi bakenye cane. Noel NKurunziza arongoye ishirahamwe ABUCO asaba ko iyo ngingo yofutwa, hakaba ibiganiro hagati ya BRARUDI n'abaguzi, kuko ngo ariyo yonyene ikora ibinyobwa, bitabaye uko abaguzi ngo bazofata ingingo zikomeye. Irindi duzwa ry'ibiciro ryaheruka kuba mu kwezi kw'icenda 2007. Iyo ibiciro vy'ibinyobwa biduze, ku masoko ibindi bidandazwa bica biduga ibiciro.

Ishirahamwe BRARUDI ryinjiza amafaranga menshi cane muri reta. Mu mwaka w'i 2005 Ishirahamwe BRARUDI ryinjije imiriyaridi mirongo itanu na zibiri n'imiriyoni amajana atanu mu kigega ca reta, mu mwaka w'i 2006 ryinjije imiriyaridi mirongo ine n'indwi nk'uko vyemezwa na Alexandra Sindahera ajejwe kumenyesha amakuru muri BRARUDI.