Umusoda n'Umuporisi Barishwe mu Burundi

Ku wa gatandatu igenekerezo rya 24/11/07, abagwanyi b'umuhari Palipehutu-FNL barishe umusirikare w'igihugu umwe, uwundi arakomereka. Ico gitero cabereye kw'ibarabara, ku birometero cumi na bitanu uvuye mu gisagara ca Bujumbura, iremezwa n'umuvugizi wa gisirikare Adolphe Manirakiza.

Amasasu yadutse igihe c'isaha cumi z'umutaga,abagwanyi ba Rwasa Agathon bamaze umwanya baharira n'abasoda b'igihugu bariko basaba ko aba FNL bova kw'ibarabara bagasubira mu misozi ya Bujumbura-Rural. Aba FNL ngo baratwaye kandi n’inkoho. Umuvugizi wa gisirikare Adolphe Manirakiza yabwiye abamenyeshamakuru ko badashobora kubandanya bihanganira umuhari wa Rwasa Agathon wagirizwa ko umaze kwerekana ko ushaka gusubira mu ntambara.

Igisoda c'Uburundi cagiriza umuhari FNL ko wama utega imitego ku mabarabara, ugasahura no mu mazu y'abanyagihugu. Mu ntara ya Bujumbura-Rural inka ngo zaraheze kubera abagwanyi ba Rwasa. Umuvugizi wa gisirikare Adolphe Manirakiza avuga kw’igisoda kigiye gukoresha inguvu zose kugirango iyo nyifato ihagarare. Arongera agasaba amakungu ngo abone ko umuhari Palipehutu-FNL udashaka kwubahiriza amasezerano yo guhagarika intambara.

Mw'ijoro ryo ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 24/11/2007 rishira ku w'Imana, umuporisi yarishwe mu gitero cagizwe n'abantu bitwaje ibigwanisho. Umuvugizi w'igiporisi, Pierre Channel Ntarabaganyi yagiriza abagwanyi b'umuhari Palipehutu FNL, avuga ko uwo muhari uriko urasotora abajejwe umutekano.

Ku musi wa gatanu igenekerezo rya 23/11/2007, abagwanyi ba Rwasa Agathon baragize imbohe uwujejwe iperereza mu ntara ya Cibitoke n'umuryango wiwe. Mu nyuma umugore n'abana bararekuwe, ariko uwo muporisi ajejwe iperereza abo bagwanyi bamujanye mw'ishamba ry'ahitwa mu Rukoko. Umuvugizi w’umuhari Palipehutu-FNL, Pasteur Habimana yaremereye Ijwi rya Amerika kuri terefone ari i Dar Es Salaam muri Tanzania, ko bagize ivyo kugira basabe ko ababo atavuga igitigiri borekurwa.

Umuhari Palipehutu-FNL na Reta y’Uburundi bemeranije amasezerano yo guhagarika intambara mu kwezi kw'indwi 2006, ariko gushika n'ubu ayo masezerano ntarashigwa mu ngiro.