Ejo Bite: Kuronsa Urwaruka Ico Rukora Bizotuma Amahoro Atotahara

  • Nsabimana
    Lucine

Intumbero y’inama yahuje urwaruka n’abaserukira reta mu nyubakwa za White Stone I Bujumbura, yari iyo kumenyesha ko hari uburyo buzorufasha mu migambi mitomito mu gihe amahoro ariko aragaruka. Ico cipfuzo c’ubushikiranganji bujejwe urwaruka n’inkino, cafashwe mu mugongo n’amashirahamwe mpuzamakungu. Amahera yababa imiriyaridi zitanu n’igice z’amafranga y’Uburundi, yatanzwe n’ishami rya ONU, FNUAP kugira kije mu ngiro, nk’uko Ambassadeur Antoine Nahayo yafashije mu gutunganya umugambi ujanye n’iyo mfashanyo yabitwiganiye.

Ubwo buryo buje hageze ku bakiri bato. Eric Nkenguburundi atwara ishirahamwe ry’abanyeshure bo muri kaminuza y’Uburundi ASSER avuga ko buzobakura mu bukene bwarenze urugero. Imiyabaga iva mu ntara zasinzikajwe n’amagume, niyo yashizwe imbere n’ubushikiranganji bujejwe urwaruka n’inkino. Izo ntara nazo zikaba ari, Bujumbura-Mairie, Bujumbura-Rural, Makamba, Cankuzo, Mwaro na Kayanza. Insiguro zitangwa n’umushikiranhanji ajejwe urwaruka n’inkono, Jean Jacques Nyenimigabo, ngo n’uko harwiriye ba ntahonikora n’impfuvyi zitagira ikizitaho. Nta mahoro azoboneka urwaruka rudafashijwe. Ivyo bitangazwa na Sylvain Nduwimana atwara ikigo citaho urwaruka muri Komine Bwiza i Bujumbura.

Umushingantahe Nduwimana avuga ati:“Muravye nko ngaha iwacu abantu benshi bagizwe n’urwaruka. Mu gihe rero urwaruka batarufashije mw’iterambere, amahoro ntashobora kuboneka…Nk’uko mubibona, ama ligalas ni menshi nayo ibintu biriyoni vyinshi. Harya umuntu adafise ico akora yiyumvira vyinshi kandi na kazoza kiwe kaba kageramiwe. …Muri iki gihe, iyi projet ishobora gufasha mu kuzana amahoro ngaha iwacu, hanyuma bwa busuma canke birya bikorwa bibi bikagabanuka.’’

Urwaruka rutegerezwa kuja hamwe. Jean Jacques Nyenimigabo yemeza ko ariho ivyipfuzo vyarwo vyoshika hejuru. Ico urwaruka rwomenya n’uko uburyo bwo gushira mu ngiro uyo mugambi buzoronswa abiyunze. Integuro ibereye y’igikorwa niyo izoronswa imfashanyo. Umushikiranganji Jean Jacques Nyenimigabo asaba ko bofashanya mu kuyihinyanyura.

Ibikorwa bitandukanye bituma imiyabaga yisumamwo birategekanijwe. Hamwe ni isuku no gukingira ibidukikije mu ntumbero yo kanagura igisagara. Ahandi naho ni ukwubaka amavuriro n’ibibuga vy’inkino nk’uko Jean Jacques Nyenimigabo abivuga. Ubushikiranganji bujejwe urwaruka n’inkino bwemeza ko uwakoze azohabwa agashimwe katari gato.

Akarusho ni kanini, kuko ari urwaruka ubwarwo ruzogenzura ibiriko birarangurwa ku neza yarwo. Ahandi naho, iterambere rizokwiyongera, ivyo bivugwa na Sylvain Nduwimana uwukiri muto. Mu gihe urwaruka rwakoreshejwe mu bikorwa bitarufitiye akamaro, umugambi mushasha uzotuma rubirengera mu kuja hamwe. Umushikiranganji Jean Jacques Nyenimigabo aravyemeza:

Umushikiranganji Nyenimigabo avuga ati: urwaruka nirwo twovuga ko rwagizwe ikiraro aho twari mu ngwano, nirwo rwasambuye iki gihugu mugabo ubu ko amahoro yaje ingwano ikaba yahagaze ni rwo dusaba y’uko rwoshira inguvu zose rufise kugira ngo twubake igihugu cacu. Ubu rero iyo projet ya consolidation de la paix ni projet izotuma urwaruka rushobora kuja hamwe rugakora ibikorwa vyo kwiteza imbere hanyuma kandi rugasanura n’ivyasambutse.’’

Ukutanjanjwa ku bijanye na kazoza niko kamo gaterwa urwaruka , nk’uko umushikiranganji ajejwe urwaruka n’inkino Jean Jacques Nyenimigabo abivuga.