Inyubakwa za Perezida Jean Baptiste Bagaza Zarugawe

Amazu y'uwahoze ari umukuru w'igihugu c’Uburundi, Jean Baptiste Bagaza, aho bita kuri Bata, amaze imisi itanu yugajwe amagufuri y'abajejwe gutoza amakori mu gisagara ca Bujumbura.

Mu biro bijejwe gutoza amakori batumenyesheje ko kuva Perezida Bagaza avuye ku butegetsi mu 1987 atigeze ariha amakori. Bakaba bamurihisha imiriyoni mirongo ine n'imwe zirenga ku mafaranga abamukoteye amazu bamuriha. Ariko ayo mafaranga yanditswe kuri Bagaza n'umutambukanyi wiwe, nk'uko tubisoma mu mpapuro z'abarongoye igisagara ca Bujumbura.

Perezida Jean Baptiste Bagaza avuga ko atanka kuriha, ariko ngo reta nayo nyene imuheraniye amafaranga angana n'imiriyaridi zitandatu z'amarundi, kubera amazu yiwe reta yagiye irashiramwo abategetsi kuva akiri mu buhungiro gushika n'ubu. Jean Baptiste Bagaza asaba kandi ko umukuru w'igisagara ca Bujumbura yosubiramwo agaharura neza amafaranga bamusaba. Ikindi avuga ngo n'uko n'ayo mafaranga bamuasaba atayo afise. Tumubajije ingene ubutunzi bwiwe bwifashe, yatubwiye ko butameze neza cane, ngo kuko afise amadeni mu mabanki abiri, BANCOBU na SBF.

Iyugagwa ry'inyubakwa z'uwahoze atwara Uburundi riri mu gikorwa abarongoye igisagara ca Bujumbura batanguye, co kwishuza ku nguvu abaheranye amakori. Bitegekanijwe ko bazotoza umuriyaridi w'amafaranga y'Uburundi.