Ibinyobwa Vyadugijwe Ibiciro mu Burundi

Ihinguriro ry'ibinyobwa BRARUDI ryaradugije ibiciro vya Amstel na Primus.

Mu kiganiro abarongoye BRARUDI bahaye abanditsi n'abamenyeshamakuru, batanze insiguro zitanu: 1.Isukari isanzwe ikoreshwa cane yaraduze ibiciro ku bice birenga mirongo itatu na bitanu kw'ijana; 2.Amazi yaraduze ibiciro; 3.Amatara yaraduze ibiciro, 4.Ibitoro vyaraduze igiciro; 5.Amafaranga y'amarundi yarataye agaciro.

Ibiciro vyadugijwe kuva ku mafaranga mirongo itanu gushika kw'ijana. Ibiciro vy'ibinyobwa biduze, ibindi vyose bica bikurikira kuko nk'umunyagihugu yishoreye agatoke adandaza yibaza amafaranga y'agacupa. Abakozi ba reta bavuga ko bagiye kuja mu bukene budasanzwe. Bati ni ka karirimbo kavu ngo "baduza ibiciro hirya no hino agahembo kagayitse nti kongezwe".

Mu Burundi, mu mabarabara, mu masoko,mu mabanki n'ahandi, abantu bidoga bavuga ko atamahera ariho. MU ma karitiye akenye nka za Kamenge, Buyenzi na Bwiza, imiryango myinshi ifungura rimwe ku musi. Nta nkeka ko mu misi iri imbere, abakozi bashobora kwiha amabarabara basaba agashahara kisununuye. Reta nayo nta mafaranga ifise, kuko amafaranga ikoresha, ibice birenga mirongo itanu biva hanze.