I Bujumbura, Sentare Yararengukije Abamenyeshamakuru batatu

Kw’igenekerezo rya cumi na rimwe, ukwezi kw’indwi, umwaka wi 2007, abamenyeshamakuru, Domitile Kiramvu, Serge Nibizi, bo muri Radiyo RPA, na Mathias Manirakiza arongoye radiyo Isanganiro, baritavye Sentare isubiramwo imanza i Bujumbura.

Urubanza rwabahamagaje abo bamenyeshamakuru rwari rwarabashikanye m’umunyororo mu kwezi kwa cumi na rimwe kw’umwaka uheze, bavayo mu kwezi kwa mbere kw’uyu mwaka, Sentare y'intango yi Bujumbura iciye urubanza rubambika izera. Ababuranira reta baciye bunguruza urwo rubanza muri Sentare isubiramwo imanza.

Kw’igenekerezo rya cumi na rimwe urubanza nti gwumvirijwe, ariko Sentare yatanze ibirego abo bamenyeshamakuru bagirizwa, ica itanga isango ryo ku wa 26 ukwezi kw’umunani. Umuyobozi wa radiyo Bonesha nawe nyene yari mu barengukijwe, ariko nti yitavye. Akaba mbere atarigera yitaba mur'urwo rubanza.

Tubibutse ko abo bamenyeshamakuru bose bakurikiranwa ku nkuru yerekeye igiporisi yatanzwe ku ma radiyo atatu: Bonesha, RPA, na Isanganiro. Abababuranya bavuga ko iyo nkuru itariyo kandi ko yagumura.