Ishirahamwe ry'Abarundi bo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika

Kw’igenekerezo rya 27 z’ukwezi kwa gatanu, abarundi hamwe n’abarundi b’abanyamerika baba muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, barakoraniye mu gisagara ca Washington DC, mu mugambi wo gushinga ishirahamwe bise UBACA.

Inyuma y’amasaha atari make abarundi batari bake bari bitavye iyo nama bamaze bariko bariga amategeko azogenga iryo shirahamwe, barashoboye gutora umurwi ntayegayezwa urongoye iryo shirahamwe, abashingantahe hamwe n’abapfasoni mpanuzwajambo bagize umurwi ukurikirana ibikorwa vy’iryo shirahamwe, hamwe n’abaserukira iryo shirahamwe mu ntara zitandukanye zo muri reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Inyuma y’aho iyo nama irangiriye, umukuru yatowe ngo arongore iryo shirahamwe, Oscar Niyiragira, hamwe n’icegera ciwe, Methode Ndikumana, barasohoye itangazo kw’izina ry’abitavye iyo nama, bongera barashikiriza amazina y’abantu bose batowe mu mabanga atandukanye ajanye n’ibikorwa bizorangurwa n’iryo shirahawme.

Ku vyerekeye iciyumviro co gushinga iryo shirahamwe hamwe n’imigambi rizorangura, twaragiranye ikiganiro na Oscar Niyiragira, Therese Ndikumana hamwe na Hilaire Ntiganzwa, mushobora gukwirikirana ku kibanza c’iradiyo Ijwi rya Amerika, Service Central Afrika.