Amateka n'Amategeko mu Rwanda no mu Burundi

Ikigo c'igihugu kijejwe gutunganya n'ukwandika neza amategeko mu Burundi kiriko cikora ku bahinga b'abanyarwanda. Mu Burundi bemeza ko Urwanda rumaze gutera imbere mu gisata gitunganya amategeko.

Mu Burundi, amategeko akoreshwa mu masentare, kenshi na kenshi usanga ashaje, canke akagora gutora, kuko usanga ibitabo vy'amategeko vyabitswe nabi, canke amategeko yagiye arasohorwa mu myaka yakurikiye, atagiye arashigwa mur'ivyo bitabo. Ivyo ngo bituma ubutungane budakora neza.

Abahinga b'abanyarwanda banonosaye ivy'amategeko bariko baganira na bagenzi babo b'abarundi, baremeza kw'igihugu cabo kimaze gutera imbere mu vy'amategeko n'amateka. Uretse kw'ibitabo vyanditse kandi bishingurwa neza, amategeko agenga ubutungane bwo mu Rwanda ngo aramaze kuja kuri bimwe bita "internet", n’ukuvuga ko umuntu, naho yoba ari muri Reta Zunzubumwe za Amerika ashobora gusoma amategeko yo mu Rwanda. Felix Zirabagenzi, umwigisha muri Kaminuza yo mu Rwanda, mu gisata c'amategeko, avuga kw'abana n'abakenyezi bahawe ikibanza gikomeye mu mategeko mashasha.

Uburundi n'Urwanda bifise kahise kamwe, n'ubwicanyi bwagiye buraba mur'ivyo bihugu vyompi burafise isano. Inyuma y'ihonyabwoko ryabaye mu Rwanda, ubutungane bise "Gacaca" bwarakoze n'ubu bukibandanya. Felix Zigirabagenzi ahanura abarundi gukoresha "Gacaca".

N'aho Urwanda ruvugwa ko rumaze gutera imbere mu mateka n'amategeko, ico gihugu nti kirakura igihano co kwicwa. Abategetsi b'abarundi bobo baramaze kwiyemeza gukura ico gihano. Mu vya poritike, abantu bavuga kw'abarundi bamaze gutera intambwe iruta iy'Urwanda mu vya demokarasi, ariko mw'iterambere ngo Uburundi buracari inyuma.