Iyicwa ry'Umupolisi yari Acunze Ubwato Bwitiriwe Husseine Rajabu

Ku kivuko co muri komine Rumonge iri mu ntara ya Bururi, umwe mu baporisi bari bacunze ubwato bwitirirwa Hussein Radjabu yararashwe n'abantu bataramenyeka, mw'ijoro ryo
ku musi wa mbere rishira umusi wa kabiri.

Ubwo bwato buriko idarapo y'umugambwe CNDD-FDD. Abanyagihugu b'aho mu Rumonge bavuga ko bwakozwe gihutihuti, kuva aho mu mugambwe CNDD-FDD hadukiye indyane n'utumvikana.

Inzego z’igiporisi n'iperereza zo mu Rumonge ziremeza k'ubwo bwato bwari bwiteguriye gutwara abagwanyi ba Hussein Radjabu, boba bagiye kwitegurira gutera Uburundi.
Izo nzego ngo zamenye iyo nkuru kera, ngo kikaba arico gituma zaronse itegeko ryo
gucungera ubwo bwato.

Hussein Radjabu nta kajambo arabivugako, kuko telefone yiwe iguma yugaye. Twobibutsa kw’aho mu Rumonge ariho hafatiwe mu ntango z'ukwezi kwa mbere, ibigwanisho bishobora gusambura ibiraro n'amazu bita"dynamite" mu rurimi rw'igifaransa.

Umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu
n'umutekano yaremeje ko ata kindi ivyo bigwanisho vyari bigamije, atari ubugizi bwa nabi. Mur’iki gihe amatohoza arabandanya, akaba akorerwa i Kigoma muri Tanzania iyo ivyo bigwanisho vyaje biva, no mu Burundi iyo vyari bigiye. Abanya Tanzania bamwe ngo baramaze gufatwa, ivyo bikaba vyemezwa na Evariste Ndayishimiye, umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu n'umutekano. Igisigaye n’ukumenya uwatumyeko ivyo bigwanisho, n'ico vyari bigenewe.

Kuva akuwe mu mabanga yo gutwara umugambwe CNDD-FDD, Hussein
Radjabu afatwa nk'umuntu ashobora guhungabanya umutekano, umwanya uw’ariwo wose.

Ugwego gw’igiporisi gwaramwatse
abari basanzwe bamucungerera umutekano. Imiduga yamuherekeza imwe yafashwe n'ibiro bijejwe iperereza, iyindi nayo ifatwa n'umugambwe.

Hussein Radjabu abandanya yiyita umukuru w'umugambwe CNDD-FDD, kandi akaba amaze no gushingisha urubanza, ahanini akaba
yitwariye umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu n'umutekano, kuko ngo ariwe yatanze itegeko ryo kuringaniza ikoraniro kaminuza ridasanzwe ryakuye Hussein Radjabu.